AGATABO KAGENEWE ABOROZI B’AMAFI ANYWANISHIJWE N’UBWOROZI BW’INKOKO

Ubworozi bw’amafi mu Burundi n’igikorwa gishobora kugira ico giterereye kinini mu gufungura neza mugihe coba gitunganijwe neza, ni ukuvuga inyigisho zikwiye z’ubworozi, imbuto nziza, indya zibereye, n’inyanja ziteguwe neza.

Mu Burundi ; Igisata c’ubworozi bw’amafi, categerezwa gutera imbere cane kubera ko, Uburundi n’igihugu gifise inzuzi nyishi kandi zigizwe n’amazi meza, isi y’ Uburundi ifise ivu ryiza cane kandi imisozi, ibiyaya, imyonga dufise hanini ni myiza kuburyo gutunganya inyanja bishoboka.

Ubworozi bw’ifi mu Burundi, n’igikorwa kimaze igihe kitari gito, cazanywe n’abazungu kuva mu myaka y’igihumbi n’amajana icenda na mirongo itanu(1950).

Publication date (of file/URL)
11 July 2019