Ishamba cimeza rya kirwena

Ishamba cimeza rya Kigwena ni rimwe mu mashamba akingiye yo mu Burundi rikaba riri kuri hegitare 565 .iryo shamba ririmwo ibiti vy'ubwoko bwishi vyaba ibikoreshwa mu kubaka eka n'ibiti vy'ivyamwa.Ririmwo n'ibindi binyabuzima bitandukanye nk'inzoka ,imvubu,inkoto,inkende, inyoni eka nibindi....;iryo shamba rihana urubibe n'ikiyaga Tanganyika,rikaba ryabayeho kubw'itegeko ry 'umukuru w'igihugu ryo mu mwaka 1958. N'ubwo biruko haribonekeza agahaze muri iryo shamba aho hari abaza gusenyayo inkwi abandi bagacayo ibiti mu gihe bisanzwe bibujijwe . Célestin MBAZUMUTIMA ni umwe mubasanzwe bacungera iryo shamba rya Kigwena, avuga ko ivyo biterwa n'ubuke bw'abakozi be n'ikena ry'ibikoresho bokoresha mu kuricungera agasabako reta yobaronsa ibikoresho nk'inkoho. Ikindi n'uko ngo iryo shamba ryokwinjije uburyo bwishi iyo abo mu ntwaro baba bakorana neza n'abo mukigo OBPE biciye mukurarika aboza barakora muntumbero yo gukingira ibidukikije bikaba bivugwa n'umukuru w'ikigo OBPE François MANIRAMBONA

Aichi targets
11.4. Protected areas are ecologically representative
Countries
Burundi